Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ivyerekeye imboneko y’amezi, igituma ukwezi kuboneka ari guto, kugakura hanyuma kugasubira kuba guto! Zishure uti: “Imboneko y’amezi, ni ibimenyetso abantu bamenyerako ibihe vyo gutunganya amasengesho no gushengerera ingoro ntagatifu iri i Makka “Hijja”, hamwe rero n’ibindi bikorwa vyabo vya misi yose. Nta neza iri mu kwinjira amazu muciye mu busongero bwayo mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, ariko rero ineza iri mu kugamburukira no mu kwubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Ba mwinjira amazu rero muciye mu muryango mu gihe co gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka. Muheze kandi mwumvire Imana Allah mu vyo mukora kugira ngo muroranirwe kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.