Muvugishwamana! Abaja banje Jewe Allah nibakubaza ku binyerekeye, urabishura ko Jewe mu vy’ukuri Ndi hafi yabo cane. Ndishura igisabisho c’umusavyi iyo ansavye. Kubera ivyo rero, nibanyumvire banyemere kugira ngo bafate inzira yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa1.