N’aho biri ukwo, mu bantu harimwo abirengagiza Imana Allah bakagira mu gishingo cayo ibigirwamana bakunda nka kurya bategerezwa gukunda Imana Allah, kandi bitabikwiye. Nayo abemeramana barakunda bakubaha Imana Allah kurusha uko nya bantu bakunda ibigirwamana vyabo. Iyo abirenganije mw’ibangikanyamana bamenya igihe babonye ibihano vyo ku musi w’izuka, ko mu vy’ukuri Imana Allah ari Yo Nyeninguvu zose, n’uko Imana Allah Ihana Igahasha, ntibari gusenga ibigirwamana.