Mu vy’ukuri, imisozi “Swafa” na “Mar-wa” iri amaja mu buseruko bwa Al-Ka’ba, ni mu bimenyetso vyo kwiyegereza ku Mana Allah. Uwuzoja gushengerera canke kugendera ingoro ntagatifu iri i Makka, nta caha kuri we kiri mu gukokera anyaragasa (sa’yi) hagati y’iyo misozi. Uwuzokwitanga ku bw’Imana Allah mu gukora ivyiza bidategetswe, mu vy’ukuri Imana Allah Irashima, Izobimuhembera, kandi Irazi ibikorwa vy’abaja bayo, nta we Izorenganya na gato.