Nk’uko Twabateye iteka ryo gutumbera amaja i Makka, Twarabarungikiye n’Intumwa ivuye muri mwebwe, ibasomera Aayah n’ivyemezo vyacu vyerekana ukuri n’ikinyoma, ikanabeza ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose, ikabigisha n’Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo (Sunnah), ikanabigisha ivyo mutari muzi mu nkuru z’ab’aho hambere n’Intumwa zabo.