Muvugishwamana! Aho ari ho hose uzoja rero mu rugendo, uratumbera amaja i Makka. Bislamu! Aho muzoba muri hose kw’isi, muratumbera amaja i Makka, kugira ngo abo mudasangiye ukwemera ntibazoronke icitwazo co kubacanishamwo ku bijanye n’ubutumbero, kiretse gusa abirenganije muri bo bazobandanya babahaririza. Kubera ivyo rero, ntimukabatinye, ahubwo murantinya Jewe Allah maze mukurikize amabwirizwa yanje, kugira Ndabakwirize inema zanje mu kubahitiramwo amabwirizwa atunganye, no kugira rero mukurikire inzira y’ukuri ibaganisha ku Mana Allah.