Ntumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu uti: “Mbega muduhaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah kandi ari Yo Mana yacu Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose! Dufise ibikorwa dukora tuzohemberwa, na mwe mukagira ibikorwa mukora muzohemberwa, kandi twebwe rero tuyisenga tutayibangikanya na kimwe mu biremwa”.