Abahawe Igitabu rero hamwe n’abandi bagarariji bose, nibemera nk’ivyo mwemeye vyose, bazoba batumbereye inzira y’ukuri kuzima. Nibagenza umugongo bakirengagiza naho, ni ukuri bazoba bari mu nzira y’urwanko iciye kubiri n’ukuri. Kubera ivyo rero, Imana Allah Izogukingira inabi yabo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu.