Mana yacu Rurema Allah! Urarungika muri bo Intumwa ivuye mu ruvyaro rwa Ismayili, ibasomera Aayah zawe ikongera ikabigisha Igitabu ca Qor’ani n’imigenzo yayo “Sunnah”, inabeze ivyaha vy’ibangikanyamana n’ingeso mbi zose. Mu vy’ukuri, ni na Wewe rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ukora”.