Niwibuke kandi igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yavuga asaba ati: “Mana yanje Rurema Allah! Ndagusavye Ugire Makka igisagara gitekanye gitekaniwe, Wongere Uhe bene co ivyamwa bitandukanye, na canecane abemera gusa muri bo, Imana Allah n’umusi w’imperuka”. Maze Imana Allah Iramwishura Iti: “N’uwuzogarariza muri bo Nzomuhako, maze Ndamuhe kuryoherwa gato kw’isi, hanyuma Ndamukwegere mu bihano vy’umuriro. Ayo rero, ni yo maherezo mabi cane.