Muvugishwamana! Ibuka igihe Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yageragezwa n’Imana yiwe Rurema Allah, Ikamuha amabwirizwa, maze na we arayubahiriza vy’ukuri nk’uko yayahawe. Ni ho rero Imana Yamubwira Iti: “Ngira Ndakugire indongozi y’akarorero ku bantu bose mu kwemera”. Na we aca asaba ati: “No mu ruvyaro rwanje nyene Uragiramwo indongozi”. Imana Allah Imwishura Iti: “Iri sezerano ryanje ryo kuba indongozi mu kwemera, ntirizoshikira abirenganya”.