Maze mwikingire ibihano vyo ku musi w’izurwa ry’ibiremwa, aho umuntu ata co azomarira uwundi, nta n’ico kwigomboza mu bihano azokwemererwa gutanga, n’aho yotanga amatungo y’isi yose, eka mbere nta n’ivugirwa rizogira ico rimumariye, eka mbere bobo ntibazoronka n’uwubatabara ngo abakure mu bihano.