Ntumwa y’Imana ! Mu vy’ukuri, Twakurungikanye idini ry’ukuri kugira ushikirize inkuru nziza ihumuriza abemeramana ko bazohabwa Ubwami bw’ijuru, wongere ugabishe abagarariji ku bihano vy’umuriro bibarindiriye. Kandi rero inyuma y’iryo rarikiramana, nta co uzobazwa ku bantu bo mu muriro ururumba.