Si nk’uko biyumvira rero, ahubwo abazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, ni barya bose bazokwicisha bugufi bakeza n’ivyo bakora ku bw’Imana Allah, maze bagakurikira Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abo rero indishi yabo y’Ubwami bw’ijuru bazoyisanga ku Mana yabo Rurema Allah, kandi nta bwoba kuri bo bwo guhanwa, eka mbere bobo ntibazokwicwa n’intuntu ku vyo basize kw’isi.