Mwongere mutsimbataze isengesho rikwije ibisabwa ku mwanya waryo, munatange n’ishikanwa-bwirizwa. Mumenye kandi n’uko iciza cose mukora ku neza yanyu, muzosanga indishi yaco ku Mana Allah ku musi w’impera. Mu vy’ukuri rero, Imana Allah Irabona neza ivyo mukora, ni Nyenukubona.