Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwamenye wewe n’abo warungitsweko ko Imana Allah ari Nyenubwami, Igaba Ikaganza amajuru n’isi n’ibiri muri vyo, Ikora ivyo Ishatse ku neza y’ibiremwa! Bantu mugabitanya ku Mana Allah! Nimumenye ko ata n’umwe mworonka atari Imana Allah yobahagarikira akabatunganiriza ivyanyu, eka mbere nta n’uwobatabara akabakingira ibihano vyayo.