Iyo abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa bemera Intumwa z’Imana barungikiwe, bakazikurikira, bakanubahiriza n’amabwirizwa y’Imana Allah, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubugururira imiryango y’ivyiza bibabeshaho biturutse kw’icuncubuka ry’imvura izananye mu kirere ku gihe, bagaheza bakarima bakimbura, ariko rero barahakanye, Dushoka Tubahanira ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw'isi.