Shu’ayibu amaze kubona ko ibihano vyabo vyimirije, yarabirengagije aranababwira abinginga ati: “Ni ukuri, narabashikirije ubutumwa narungikanwe n’Imana yanje Rurema Allah, ndanabahanura ko mwonkurikira mw’idini ry’Imana Allah, maze ntimwanyumvira. None rero, ni gute notuntuzwa n’ubutumva bw’abantu bagarariza Imana Allah n’Intumwa zayo!”.