Ni ukuri, twoba turementanirije Imana Allah mu gihe twogaruka mw’idini ryanyu, inyuma y’aho Imana Allah Iridukuriyemwo. Ntibikabe rero ko tworigarukamwo, kiretse mu gihe Imana yacu Rurema Allah Yobishaka, Imana yacu Rurema Allah Irahetura ikintu ico ari co cose mu bumenyi, Irazi n'ibitunganye ku baja bayo, twaramaze rero kwizera Imana Allah. Mana yacu Rurema Allah! Ducire urw’ukuri twebwe hamwe n’abantu bacu. Burya Wewe, ni We Mwiza w’abacamanza".