Abarongoye abagira amanyama bakihambaza mu kutemera Imana Allah n’Intumwa yayo mu bantu ba Shu’aybu, bavuze bati: “Ni ukuri, dutegerezwa kukwangaza wewe Shu’ayibu hamwe n’abemeramana muri kumwe, mutuvire mu gisagara cacu, kiretse mu gihe mwogaruka mw’idini ryacu”. Shu’ayibu arabishura abiyama ati: “Mbega ni gute twogaruka mw’idini ryanyu mu gihe tuzi neza ko rishingiye ku kinyoma, n’aho twobihatirwa rero, nta vyo twogira!;