Imana Allah Irafise amazina meza cane aranga ubutore bwayo, nimuyasabishe rero ku Mana Allah. Mwitandukanye na barya batosekaza amazina yayo1, bazohembwa ku bicumuro bari barakoze kw’isi mu kugarariza Imana Allah n’Intumwa yayo, no mu gutosekaza amazina yayo.