Ntumwa y’Imana! Ibuka kandi n'igihe Twarerura umusozi hejuru ya Bene Israyeli, nya musozi ukaba nk’igicu kibakingiye izuba, bibaza ko uhava ubakorokerako nibatemera amabwirizwa ari muri Tawurati! Ni ho Twebwe Allah Twababwira Duti: “Nimufate nkama munubahirize ata gushidikanya ivyo Twabahaye, munibuke isezerano rihambaye Twabahaye muri Tawurati ryo kwubahiriza ibirimwo, kugira mugamburukire Imana Allah”.