Bene Israyeli Twaranabaciyemwo imigwimigwi Tubanyanyagiza kw’isi; muri bo rero, harimwo abagororotsi bubaha bakubahiriza agateka k’Imana Allah n’agateka k’ibiremwa, hakabamwo n’abandi birenganya mu kutubahiriza amabwirizwa y’Imana Allah. Abo rero, Twarabagerageje ku kuroranirwa bakoroherwa mu buzima, Twaranabagerageje no ku magorwa n’amaganya kugira bagaruke bigaye ku Mana Allah;