Umugwi w’abarenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w'isabato, umaze gufata minenegwe ivyo wibutswa ukarendegera mu gucumura, Twebwe Allah Twararokoye mu bihano ababuza abandi gukora icaha co kurenga ku mabwirizwa, Turaheza Duha ibihano bibabaza abirenganije mu kurenga kw’ibwirizwa ryo kutaroba ku musi w’isabato, kubera ubugaba bwabo bwo kurenga ku mabwirizwa yacu.