Maze abagararije muri bo, baca bahindura ijambo basabwe kuvuga bati: “Ikigongwe cawe Mana”, baraheza binjira bakurura ikibuno hasi, bavuga n’agasuzuguro bati: “Intete ku mushatsi Mana!”. Duca Tubamanurira igihano kivuye hejuru, Turabahonya bitewe n’ukuntu bahora birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yacu.