Abantu ba Musa muri Bene Israyeli, Twabaciyemwo imiryango cumi n’ibiri ingana n’igitigiri c’uruvyaro rukomoka kuri Ya’kubu; umuryango umwumwe wose witirirwa umwe muri nya ruvyaro. Igihe abantu ba Musa banyoterwa1, bakamusaba ko yobahembura, Twaramuhishuriye Duti: “Kubita inkoni yawe kw’ibuye”, rica ricikamwo amariba cumi n’abiri angana n’imiryango yari ng’aho, gutyo umuryango umwumwe wose wikiza inyota kw’iriba ryawo bwite. Hanyuma Tubarungikira igicu kibaha agatutu kugira kibakingire izuba ryo mu bugaragwa, Turaheza Tunabamanurira “Manna2” na “Salwa 3”. Dushoka Tubabwira Duti: “Nimurye rero mu vyiza Twabafunguriye”. Si Twebwe Allah rero barenganije ku buhakanyi bwabo bwo kudashima no kutubahiriza amabwirizwa, ariko ni bo birenganije 4.