Bene Israyeli! Nimwibuke inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, igihe Twabakura mu buja bwa Firawuni n’abantu biwe, Tukabakurako ibihano bisuzuguza vyo kwica abana banyu b’abahungu, hagasigazwa abana banyu b’abakobwa kugira babagire abajakazi. Muri ivyo vyose rero, harimwo igeragezwa rihambaye rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah.