Twaranahoneje Bene Aadi na Bene Thamuudi. Ni ukuri, mwaranamenye ukuntu imihana yabo yasigaye igaragara ata n’igisanira kiharangwa, shetani ikaba yari yaranabaryohereje gukora ibikorwa bibi, ikanababuzagiza no gukurikira inzira yo kwemera Imana Allah n’Intumwa zayo. Bari baranibona ko bari mu kuri kandi bari mu buhuvyi.