Twaranahaye Ibrahimu ikibondo Is-haka, Twongera Tumuha umwuzukuru yitwa Yakubu mwene Is-haka. Twaranagize mu ruvyaro rwiwe Abavugishwamana Tubaha n’Ibitabu. Ku kubera igeragezwa ryamushikiye mu gushikiriza ubutumwa rero, Twamuhaye n’indishi yo kuronswa uruvyaro rweranda no kuyagwa neza n’abantu kw’isi, mu vy’ukuri no mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ni ukuri azoba ari mu beranda.