Nta n’inyishu yatanzwe n’abantu ba Ibrahimu atari ukubwirana hagati yabo bati: “Ibrahimu nimumwice canke mumuturire”. Ni ho rero baheza bakamuta mu nkonge y’umuriro1, maze Imana Allah Iramurokora muri nya nkonge, umuriro wayo ntiwamuturira mu kiringo cose yawumazemwo. Mu vy’ukuri mw’irokorwa rya Ibrahimu muri nya nkonge, ni ukuri harimwo ivyemezo vy’ubushobozi n'ububasha vyayo ku bantu bemera bakubahiriza n’amabwirizwa yayo.