N’abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo mu nyuma y'abo bimukira n’abasangwa, bagaheza bakimuka bagafadikanya na mwe mu guharanira idini ry’Imana Allah, abo na bo nyene baharurwa muri mwebwe abemeramana. Burya incuti mu bavandimwe, zigenda zisumbasumbana mu gutorana hisunzwe ingingo y’Imana Allah. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi neza igitunganye mu gutorana, ni Nyenubumenyikurivyose.