Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bata izabo bakimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, banaharanira idini ry’Imana Allah kugira ritsimbatare, n’abasangwa bakiriye abimukira bagasabikanya na bo ivyo bafise bakanabatabara, abo ni bo bemeramana vy’ukuri rero. Bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, ntibabihanirwe; baheze baronke n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.