Muri izo mbohe warekuye rero, nihagira abashaka kuguhemukira bakakurwanya kandi, ntibizokubabaze ngo ucike intege, mu vy’ukuri baramaze guhemukira Imana Allah imbere y’aho, vyongeye baranakurwanije, maze Imana Allah Iraheza Iragushoboza kubanesha. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibiri mu mishaha, Intungane mu vyo Ikora.