Ewe Muvugishwamana! Bwira abo warekuye mu mbohe zo ku rugamba rwa Badri ziri mu minwe yanyu, uti: “Ntimubabazwe n’imbohozo mwatanze! Imana Allah niyamenya ko imishaha yanyu irangwa n’iciza1, Izoheza Ibahe ivyiza bisumba imbohozo mwatswe, Yongere Ibagumirize akabanga ku vyaha vyanyu, ntimubihanirwe. Burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;