Iraheza Iranabanywanisha inyuma yuko batacana uwaka. N'iyo utanga amatungo yose y’isi kugira ngo ubanywanishe ku bwawe, ntiwari kubishobora namba; ariko rero, Imana Allah Yarabanywanishije Ibahuriza ku kwemera, gutyo baba abavukanyi barangwa n’urukundo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.