Ntumwa y’Imana! Nibaramuka baretse kubarwanya bagafata inzira y’amahoro, uraheza ufate iyo nzira y’amahoro nyene, kandi wishimikize Imana Allah unayizere. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bazirikana.