Ivyashikiye rero abagarariji, ni nk’ivyashikiye abantu ba Firawuni bagararije Musa, n’abantu b’aho hambere yabo bagararije Intumwa barungikiwe, gutyo Twebwe Allah Duca Tubahanira ivyaha vyabo. Twaranasomesheje nturi mw’ibahari abantu ba Firawuni. Kandi umugwi wose muri bo, warirenganije mu guhakana Intumwa, mu kugarariza ivyemezo vy’Imana Allah no kuyibangikanya.