Muheze mwumvire Imana Allah n’Intumwa yayo aho muzoba muri hose, kandi ntimugacanemwo kuko vyobacamwo imigwi, inguvu zanyu na zo zigasanzara, mugashoka munanirwa mugatsindwa. Kubera ivyo rero, ba mwihangana ku rugamba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Iri kumwe n’abihangana mu kubatera intege no mu kubashikana ku ntsinzi.