Ntumwa y’Imana! Twebwe Allah, Ntitwigeze Dutuma mu bantu b’aho hambere yawe, kiretse ko Twatuma Intumwa mu bantu b’abagabo baba mu bisagara, eka ntibari mu bamalayika namba, Tugaheza rero Tugahishurira nya Ntumwa amabwirizwa yacu. Babangikanyamana! Nimwaba mutemera ivyo, murabaza abamenyi mu bahawe Ibitabu, bazobabwira ko Intumwa zose zarungitswe zava mu bantu b’abagabo, nimwaba mutazi ko vyari ukwo.