Twaranorohereje Sulayimani kwikora ku gihuhusi we hamwe n’abo bari kumwe, kikamwunguruza kw’itegeko ryiwe gushika muri Bayti l-Maqdis mu bihugu vya Shaamu1, ahantu Twahezagije ivyiza vyinshi no kuba amamuko ya benshi mu Bavugishwamana (ba nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); kandi burya twebwe Allah, Twamye Tuzi neza ibintu vyose.