Twebwe Allah, Twahariye Dawudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah) ubumenyi bwo guhingura mu cuma impuzu zo gukingira umutumba gushikirwa n’imyampi n’imipanga mu gihe c’indwano, ari na bwo mwagumye muhererekana mwebwe abantu mu kwikingira mu ndwano. Ubwo none ntimwoshimira Imana Allah kuri ubwo buhinga Yigishije Umuja wayo Dawudi!