Ntumwa y’Imana! Ibuka n’inkuru ya Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho hambere yanyu; wewe, Ibrahimu na Luutwi, igihe yahamagara atakambira Imana yiwe Rurema Allah, Turaheza Twebwe Allah Turamwumvira igisabisho ciwe, maze Tumukura mu vyago bihambaye we hamwe n’abamukurikiye;