Zina-kiremwa, ico ari co cose gifise ubuzima kizopfa nta gisivya, n’aho coramba imyaka n’iyindi. Tuzonabagerageza mw’iyubahirizwa ry’amabwirizwa yacu, mu gihe c’amagorwa no mu gihe c’amahirwe mu buzima bwo kw’isi, hanyuma muheze mugaruke iwacu kugira muharurirwe maze muhemberwe ivyo mwakoze.