Imana Allah rero, ni na Yo Yaremye ijoro kugira muruhuke umuruho wo ku murango; Irema n’umurango, kugira murondere icobabeshaho; Irema n’izuba kugira ribe ikimenyetso kibamurikira ku murango; Iraheza Irema n’ukwezi kugira kube ikimenyetso caka mw’ijoro. Burya rero izuba, ukwezi n’izindi nyenyeri, kimwe cose kirafise inzira-ntasobwa yaco gicamwo.