No mu gihe vyoshika mu bamalayika hakagira uwinamura akavuga ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi imana mu gishingo c’Imana Allah”, uyo Twoca Tumuha indishi y’umuriro wa Jahannamu. Ni nk’iyo ndishi nyene y’umuriro rero Duha abirenganya bakabangikanya Imana Allah.