Imana Allah, Irazi neza ibikorwa n’abamalayika, muri kahise no muri kazoza kabo. Eka ntibitanganiza kuvugira n’umwe ku vyo yakoze, kiretse uwo Imana Allah Ishimye ko bamuvugira; kandi ku gutinya Imana Allah, barinengesera guca kubiri n’amabwirizwa yayo.