Mu vy’ukuri, Imana Allah Isatura urutete rukagondora rukavamwo igiterwa; Isatura n’urubuto rukagondora rukavamwo igiti; Irema kizima mu capfuye1, Igakura icapfuye muri kizima2. Uwushoboye rero kurema ivyo vyose, ni Yo Mana Allah, Ikwiye gusengwa Itabangikanywa. None ni gute muyibangikanya ha kuyisenga ari Imwe Rudende!