Igihe ijoro ryijima, Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yabonye inyenyeri maze abwira abantu yarungitsweko ashaka kubereka ko ukwemera kwabo gushingiye ku kinyoma1, ati: “Iyi, ngira ngo ni yo mana yanje!”. Nya nyenyeri imaze kurenga, ni ho yababwira ati: “Eka! Sinkunda imana zihita zikazimangana”.