Abo Twahaye Igitabu (mu bayahudi n’abanaswara), barazi neza na neza ibiranga Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), vyotuma batamwihendako mu vyanditswe mu Bitabu vyabo; nka kurya bazi neza na neza ata kwitiranya abana babo; abatwawe n’ivyipfuzo vyabo muri bo, ni bo bazotahira agahombo gatewe no kutemera Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’ivyo yigishije.