Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Jewe mu vy’ukuri, Imana yanje Rurema Allah Yarandongoye mu nzira igororotse igana mu Bwami bw’ijuru, ari ryo dini ry’ubwislamu ritomora ingingo zerekeye ubuzima bwo kw’isi n’ubw’inyuma yo gupfa, ni na ryo dini ry’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho ntiyari no mu babangikanyamana”.